Urukino rugiye kuvuka vuba mu Burundi…….

Urukino rugiye kuvuka vuba mu Burundi…….

Nk’uko tubimenyeshwa na Rwamaza Lambert hamwe na Nsengiyumva Fulgence bariko barakurikirana ivyigwa vy’ugutanguza urwo rukino muri Afrika, ivyigwa biriko birabera mu gihugu c’Ubuganda aho mbere ku munsi w’ejo hategekanijwe inkino zambere za Afrika muri urwo rukino(1st Woodball African Games).
Muri ivyo vyigwa hakaba hitavye ibihugu nka Congo, Rwanda, Tanzanie, Zambie, Kenya, Nigeria hamwe na Zimbabwe. Abakurikiranye izo nyigisho nibo bategekanijwe ko bazoca batanguza urwo rukino mu bihugu baserukiye.
Urukino rwa Woodball rukaba rwatanguye kuja mu mahiganwa mpuzamakungu kuva mu mwaka w’2004 mu nkino zahuza amakaminuza muri Tapei mu bauchinwa. Muri Afrika, igihugu c’Ubuganda nico kimaze gushika kure muri urwo rukino kuko co kimaze kwakira inkino mpuzamakungu z’amakaminuza mu mwakawa 2010.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *